IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Reta yasibije urugendo rwa Antonio Guterres,Nikki Haley hamwe na (...)

RDC: Reta yasibije urugendo rwa Antonio Guterres,Nikki Haley hamwe na Moussa Faki Mahamat

Tuesday 10 July 2018, by vianney

Amakuru dukesha RFI amenyeshako umuvugizi wa Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo,Lambert Mende yamenyesheje ko urugendo Antonio Guterres, Moussa Faki Mahamat hamwe na Nikki Haley bategekanya gukora murico gihugu bitagishobotse kuko umukuru w’igihugu afatiriwe cane atabona uko yobakira.

Bivugwako urwo rugendo rw’abo barongozi rwari rujanye no gusaba umukuru w’igihugu Joseph KABILA guheba kwiyamamariza ikindi kiringo ku giti c’umukuru w’igihugu kuko amategeko yamurekurira gutwara ico gihugu gushitsa mu mwaka wa 2016.

Umuvugizi wa Reta ya Kongo Lambert Mende we yavuze ko ku bijyanye n’urugendo rwa Nikki Haley aserukira Reta ya Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU , atabona imvo zituma aja muri Kongo.

Uyo avugira Reta ya Kongo yavuze kandi ko nimba abo bategetsi bashaka kuja murico gihugu kuraba aho imyiteguro igeze kubijanye n’amatora ategekanijwe bahawe ikaze.

Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Farhan Faq yashikirije ko ata wundi mwanya Antonio Guterres azosubira kuronka kugira agendere ico gihugu mu misi ya vuba ariko niyo urutonde rwo kujayo ruzoboneka ko bazojayo.

Reta ya RDC yavuze ko Guterres na Faki kubwawo bahawe ikaze murico gihugu ariko bazojayo kw’igenekerezo bumvikanyeko.

Igihugu ca Repuburika iharanmira intwaro rusangi ya Kongo kiri mu myiteguro y’amatora ategekanijwe mu mpera z’uyu mwaka wa 2018.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.