Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Reta yemeye ko abatavugarumwe na Reta bagira ikoraniro
RDC : Reta yemeye ko abatavugarumwe na Reta bagira ikoraniro
mardi 24 avril 2018
Amakuru dukesha iradiyo ya BBC, amenyesha ko muri iryo huriro, umukuru w’umugambwe utavugarumwe na Reta UDPS, Felix Tshisekedi, ari nawe azowuserukira mu matora, aza gushikiriza ijambo.
Felix Tshisekedi, arongoye UDPS, yaheruka kwagiriza umukuru w’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Joseph Kabila, kuba atwaza igikenye.
Umukuru w’igihugu Joseph Kabila, yari kuba yavuye ku butegetsi mu mwaka wa 2016, ariko amatora yagumye yigizwa inyuma.
MUGISHA Van Naris