Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Ubumwe bwa buraya bwafatiye ibihano bamwe mu bategetsi
RDC : Ubumwe bwa buraya bwafatiye ibihano bamwe mu bategetsi
mardi 30 Rusama 2017
Mu bafatiwe ibihano harimwo umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, akaba n’umuvuzi wa Reta, Lambert Mende, hamwe n’umukuru w’urwego rw’iperereza Kalev Mutond.
Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Lambert Mende yagirizwa ko akumira abamenyeshamakuru mpuzamakungu, mu kubima uburenganzira bwo kwinjira no gukorera ku butaka bw’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Kalev Mutond arongoye igisata c’igendereza yagirizwa ko yabaye intambamyi mw’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro hagati ya Reta n’abatavugarumwe nayo, yateweko umukono mu mpera z’umwaka wa 2016.
Abandi bafatwe ibihano ni Gen de Brigade Eric Ruhorimbere na Muhindo Aliki Mundos, arongoye brigade ikorera mu gisagara ca Beni, ariko umurwi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU waranse gukorana nawe igihe yagenwa.
Abafatiwe ibihano bose babujijwe gufata ingendo baja mu bihugu biri mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, canke mu gice ca Schengen, kandi n’ubutunzi bwabo buri mu bihugu vya Buraya bwafashwe.
Gushika ubu Reta ya Republika iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo ntaco irabivugako kinini, ariko umwe mu bategetsi b’ubushikiranganji bw’imigenderanire yavuze ko ivyo bihano babimenyeshejwe mu nyandiko, nabo bazogira ico babivuzeko babicishije mu nyandiko.
MUGISHA Van Naris
Messages
30 Rusama 2017, 11:08, par nkurunzizadonatien
mbega ubucakara afrika izoguma mu ntwaro ya gikoroni gushika ku mpera ?ako gakandamizo kazarangira ryari?
31 Rusama 2017, 08:49, par Elias Mpozamarira
Nibabakomeshe izontagodwa umengo bagiye kubutegetsi umengo niho baba baronse umwanya wo guhohotera abenigihugu.