IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Ubumwe bwa buraya bwafatiye ibihano bamwe mu bategetsi

RDC : Ubumwe bwa buraya bwafatiye ibihano bamwe mu bategetsi

mardi 30 Rusama 2017

Mu bafatiwe ibihano harimwo umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, akaba n’umuvuzi wa Reta, Lambert Mende, hamwe n’umukuru w’urwego rw’iperereza Kalev Mutond.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Lambert Mende yagirizwa ko akumira abamenyeshamakuru mpuzamakungu, mu kubima uburenganzira bwo kwinjira no gukorera ku butaka bw’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Kalev Mutond arongoye igisata c’igendereza yagirizwa ko yabaye intambamyi mw’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro hagati ya Reta n’abatavugarumwe nayo, yateweko umukono mu mpera z’umwaka wa 2016.

Abandi bafatwe ibihano ni Gen de Brigade Eric Ruhorimbere na Muhindo Aliki Mundos, arongoye brigade ikorera mu gisagara ca Beni, ariko umurwi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU waranse gukorana nawe igihe yagenwa.

Abafatiwe ibihano bose babujijwe gufata ingendo baja mu bihugu biri mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, canke mu gice ca Schengen, kandi n’ubutunzi bwabo buri mu bihugu vya Buraya bwafashwe.

Gushika ubu Reta ya Republika iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo ntaco irabivugako kinini, ariko umwe mu bategetsi b’ubushikiranganji bw’imigenderanire yavuze ko ivyo bihano babimenyeshejwe mu nyandiko, nabo bazogira ico babivuzeko babicishije mu nyandiko.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.