RDC : Unicef ivuga ko abana ibihumbi 46 bahunze igihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 février 2018 saa 09:28
5565
0 0

Igisata c’ishitrahamwe mpuzamakungu ONU citaho indero y’abana, Unicef kivuga ko abana 46000 bahunze igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo kubera ubwicanyi bwadutse mu miryango ibiri mu buseruko bw’ico gihugu.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umumenyeshamakuru wayo yabonye ibigwati vyaturiwe, bitakirangwamwo umuntu mu ntara ya Ituri, aho abanyagihugu bo mu moko y’aba Hema n’aba Lendu bamaze iminsi batana mu mitwe kubera ibibazo vy’amatongo.

Ayo makuru ya BBC, amenyesha kandi ko amakungu atewe amakenga n’ukuntu umutekano uguma uhungabana mu buseruko bwa Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Abakurikiranira hafi ibiberayo, bavuga ko ubwicanyi buba muri kino gihe bushingiye ku kwunguruza itariki y’amatora, n’uko umukuru w’igihugu Joseph Kabila yanse kuva ku butegetsi, ikiringo ciwe kikaba kimaze umwaka kirangiriye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha