Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Reta ya Kongo yanse gukora amatohoza kuvyo yagirizwa
Reta ya Kongo yanse gukora amatohoza kuvyo yagirizwa
mardi 21 Ruhuhuma 2017, par
Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yanse kugira amatohoza ku bwicanyi bwagaragaye mu masanamu ya video yasohowe ku mbuga ngurukanabumenyi mu mpera z’iyi ndwi turangije, amasanamu yerekana abasirikare ba Reta bariko bica abanyagihugu mu ntara ya Kasayi, bakabacucagira amasasu menshi.
Iyo ngingo y’ukwanka kugira ayo matohoza yafashwe inyuma y’aho ibihugu vy’Ubufaransa, Reta zunze ubumwe z’Amerika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU basabiye Reta ya Kongo gutanguza amatohoza yihuta kugira abagize ubwo bwicanyi bagaragare kandi bahanwe.

Reta ya Kongo yisigura ivuga ko ayo mavidewo ari irementanya kandi ko atari igikorwa cayo co gucira urubanza abo basirikare, ahubwo ko abayagiriza aribo bakwiye kwerekana ivyemeza kugira abazokwagira bazohanwe.
Tubamenyeshe ko muntara ya Kasaï havutse umuhari urwanya Reta ya Congo kuva mu kwezi Nyakanga 2016, inyuma y’aho hiciwe umu kwezi kwa Myandagaro 2016, Kamwina Nsapu umukuru wa bumwe mu bwoko muri ako karere.
Abantu bagera ku majana abiri nibo bavugwa ko bamaze kuhasiga ubuzima kuva ico gihe hishwe uwo Kamwina Nsapu.
IGIHE