IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Robert Mugabe yakuwe mu buserukizi bwa OMS

Robert Mugabe yakuwe mu buserukizi bwa OMS

lundi 23 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Tedros Adhanom Ghebreyesus, umuyobozi mukuru wa OMS yamenyesheje kuri uwu w’imana ko amaze kwumviriza amakenga y’abantu batandukanye, akavugana kandi na Reta ya Zimbabwe, yasanze ko yohagarika iryo genwa rya Robert Mugabe.

Inyuma y’aho Mugabe agenewe na OMS, amashirahamwe atari make hamwe na bimwe mu bihugu bikomeye kw’isi vyaciye bitangura kwiyamiriza iryo genwa.

Ayo mashirahamwe yagiriza Robert Mugabe guhohotera agateka ka zina muntu kandi bakavuga ko ata kuntu yohabwa ico cubahiro, mu gihe ivy’amagara y’abantu mu gihugu arongoye vyifashe nabi muri iyi myaka 30 amaze arongoye igihugu ca Zimbabwe.

JPEG - 54.7 ko
Robert MUGABE, umukuru w’igihugu wa Zimbabwe

IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.