IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Salva Kiir yagirije ONU ko ariyo itera umutekano muke mu gihugu (...)

Salva Kiir yagirije ONU ko ariyo itera umutekano muke mu gihugu ciwe

vendredi 16 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu wa Sudani y’Epfo, Salva Kiir, yagirije ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko rikorana n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, mu mugambi wo gutegura guhirika no guhindura ubuyobozi buriho.

Umukuru w’igihugu Salva Kiir abimenyesheje inyuma y’aho ishirahamwe mpuzamakungu ONU risohoreye icegeranyo kivuga ko uwo mukuru w’igihugu hamwe n’umuyobozi mukuru w’ibiro vya gisirikare, Paul Malong Awan, bagize uruhara mu ntambara yongeye kuboneka ku Murwa mukuru Juba.

Kubw’umukuru w’igihugu wa Sudani y’Epfo Salva Kiir, ingingo ya ONU y’ukurungika Dr Riek Machar mu mashamba aherereye mu majaruguru ashira ubuseruko bwa Congo, hamwe no kwitaho ubuzima bwiwe, ni ikimenyetso cerekana ko ONU, ndetse n’ibindi bihugu bikomeye vyo ku mugabane wa Buraya, bashyigikiye abatavuga rumwe na Reta ya Sudani.

Mu kiganiro yagiranye n’abagize inama nshingamateka ya Sudani y’Epfo, Salva Kiir yamenyesheje ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritari mu bashobora kuba inyishu y’ibibazo vy’ico gihugu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribandanya guhakana ko rishigikiye abatavuga rumwe na Reta ya Sudani y’Epfo. Muri ONU bavuga ko kujana Dr Machar n’abandi basirikare 500 muri Congo, vyakozwe mu ntumbero gukingira agateka ka zina muntu.


IGIHE

Messages

  • Abanyafrika muzokwama muhendwa mubona. Nta gihugu na kimwe co muri Afrika inteko za ONU zigera zizanamwo amahoro. Bahahonyoje ikirenge n’akari gasigaye gaca kadenduka. Rindire gato mu munsi itari myishi ni genocide izokwirikira, muzoba mu mpiyuza.Congo bahamaze imyaka ingahe, mu Rwanda vyagenze gute? Somalie n’ahandi bahamaze imyaka ingana iki?
    Abo bazungu baba baje gutikiza inganda,kuryanisha benegihugu, gusahura no kugurisha ibigwanisho.kanure mubone mwa ba negre mwe!

  • ABAZUNGU NIKO BATWAMIYE TWEBWE ABANYAFIRIKA URIHAGARARAKO USANGA URI UMUHUTU KUKO NTIBEREKWA UBWOKO BWACU

  • Les Bantou, Bahutu mubwirizwa kwihagararako no kwikingira canke muhone. Twoshimira cane Nkurunziza President w’ Uburundi kuko iyo mu kwezi kwa gatanu aba Tutsi bagira coup d’Etat mu Burundi , le peuple Bantou, Abahutu muri region des grands lacs muba mugeze kure.Ariko kandi mudasinzira umukondorazosi.
    Imana irabakunda

  • ndemeza ko UN itera mungorane ziri hano sudani na amerika ibifite mwuruhara runini cane ariko na kil ntabushobozi afite bwo gutwara mububi vyo biraboneka kwaba sirikare bakuru bata mwumvira kuko ibibera vyose muri kino gihugu ninkibikorwa vyinyamanswa ninkigihugu kitagira ugitwara nihehe kwisi mwabonye aho abasirikare bigihugu birara mumasoko amaduka amababutike bagasahura bakabomora buri kimwe cose aringabo nigipolisi cigihugu kumurango izuba riva umunyamahanga ntiyubahirizwe ntabarwe naho yo kwibwa agakubitwa ntihagire umutabara natange imihihovyaramunaniye mumwaka umwe dorare yabanyamerika ikiava 385 ikarera 8500 hama NGO hari abatwara ?

  • yao laisi kir okwesi o amru hajyaake bita lagili ! kir kir walah ita zoro kweisi mia mia!!! ita gali cram kweisi

  • O N U Yaramaze Kwamamara Ko Itunzwe N’urudandazwa Rwa Indwano , Banye Afrika Kanure Mukomeze Nokugira Umutima Nka Intare Coeur Comme Lion

  • ONU ntakindi ataruguhungabanya umutekano ahuragwa

  • abanyafrika dufise kahise katumy bitugora kuja kurugero rumwe nabatuye isi ubundi hoho dufise impano zimana zose ubwenge ninguvu mbere nubutunzi. ntitwibaze ko uko biri ubu ari kameremere(nature) kabanyafrica. tuzofata igihe kugira tuje kurugero rwabandi batuye isi nitwatahura ko ibintuvyose biri en fonction du temps (in function of time) abobose bahemukira afrika nabatagira ukwihangana batazi ko iyihuse ivyara ibihumye kandi bukebuke bukomeza igihonyi (igihonyi nubwoko bwigitoki kiryoha cane) afrika ejo ni heza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.