Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Senegal: Abdoulaye Wade yatanze imihoho mu nama nshingamateka
Senegal: Abdoulaye Wade yatanze imihoho mu nama nshingamateka
mardi 12 Nyakanga 2017
Abdoulaye Wade ni umwe mu bashingamateka 19 b’urunani rw’imigambwe Wattù Senegaal bashoboye gutsindira ibibanza mu nama nshingamateka y’ico gihugu mu matora aheruka kuba.
Umugambwe wa Abdoulaye Wade watsinzwe n’umugambwe w’umukuru w’igihugu Macky Sall, waronse ibibanza 125 ku bibanza 165 vyahiganirwa.
Abdoulaye Wade w’imyaka 91 y’amavuko, mw’ikete yandikiye Umunyamabanga Mukuru w’umugambwe Parti Démocratique Sénégalais (PDS) , yavuze ko icari catumye yemera kuja mu matora ari ugushigikira umugambwe wiwe ngo utsinde amatora naho bitakunze.
Ikinyamakuru Jeuneafrique kimenyesha ko Abdoulaye Wade yavuze ko atazoboneka mu birori vyo kwugurura ibikorwa vy’inama nshingamateka nshasha , bizotangura kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga 2017.
Abdoulaye Wade yatwaye igihugu ca Sénégal kuva mu mwaka wa 2002 gushika mu mwaka wa 2012.Yasubiriwe n’umukuru w’igihugu Macky Sall.
MUGISHA Van Naris