Sénégal : Ihuriro ry’ukugwanya ukurongoza abana b’abigme ku nguvu ryatangujwe

Yanditswe na Huguette NKURUNZIZA
Kuya 23 Gitugutu 2017 saa 09:48
11490
0 0

Ihuriro ry’imisi 3 ryatunganijwe mu gihugu ca Senegal mu gisagara ca Dakar kuva kuri uwu wa mbere, mu ntumbero yo kugwanya ukurongorwa kw’abana b’abigeme batarakwiza imyaka.

Muri iryo huriro, abashingamateka, abakuru b’abihebeye Imana, amashirahamwe, hamwe n’ibisata vy’umuryango mpuzamakungu ONU baza kurabira hamwe icokorwa kugira iyo nyifato ituzwe.

Kurongoza abana b’abigeme ku nguvu biribonekeza cane muri Afrika y’uburengero na Afrika yo hagati. Amatohoza yakozwe yerekanye ko ibice 76 kw’ijana vy’abana b’abigeme bari munsi y’imyaka 18 aribo barongozwa ku nguvu mu gihugu ca Niger, ibice 68 kw’ijana mu gihugu ca Tchad hamwe n’ibice birenga 50 kw’ijana mu gihugu ca Mali na Guinee.

Abo bana bamaze kurongorwa, akenshi baraheba amashure mu gihe kwigisha abana b’abigeme ariyo nzira yo kugwanya kurongoza abana b’abigeme bakiri bato.

Bamwe mu bavyeyi b’abo bigeme, mu gihe baba bugarijwe n’ubukene, bahitamwo kurongoza abana babo hakiri kare kugira barabe ko bokwikenura.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha