Senegal: Ivyavuye mu matora yo kuw’Imana biramenyekana

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 31 Mukakaro 2017 saa 10:29
Yasomwe : 4374
0 0

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017,niho hitezwe ko ivyavuye mu matora yabaye mu mpera ziyi ndwi irangiye mu gihugu ca Senegal ariho biza kumenyekana.

Amakuru ashikirizwa n’imboneshakure y’igihugu ca Senegal amenyesha ko, ibice bishika 54 kw’ijana vy’abanyagihugu ko arivyo vyitavye ayo matora.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu w’ico gihugu Abdoulaye Wade asanzwe ari mu bitoje, yagirije umukuru w’igihugu Macky Sall nawe nyene ari mu bitoza ko yivye ayo matora aho yavuga ko ibibanza bimwe bimwe bitaribwaronke inkaratasi batorerako.

Abajejwe umutekano bavuga ko abayoboke 3 b’urunani rwa Abdoulaye Wade bafashwe bariko batera akajagari ku biro vy’amatora.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha