Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Senegal : Umukuru w’igisagara ca Dakar yaciriwe gupfungwa imyaka (...)
Senegal : Umukuru w’igisagara ca Dakar yaciriwe gupfungwa imyaka itanu
samedi 31 mars 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, naho uro rubanza rwabaye rudahurizwako na bose, rushingiye ku mafaranga imiriyoni zitatu n’ibihumbi amajana ane z’amadorare y’abanyamerika.
Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko Khalifa Sall, asanzwe ari umukuru w’igisagara ca Dakar, yagiriwe n’icaha co gukoresha imppuro zerekana ivyo yaguze za magendu.
Naho bir ukwo, Khalifa Sall yabonwa nk’umuntu ashobora kuzohangana bikomeye n’umukuru w’igihugu Macky Sall mu matora yo mu mwaka uza wa 2019.
Khalifa Sall arahakana ivyaha vyose yagirizwa kandi abamushigikiye bavuga ko urwo rubanza rufise imvo za poritike.
MUGISHA Van Naris