Sentare ihava ishikiriza ivyavuye mu rubanza rw’umuhungu wa Perezida Obiang Nguema

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 27 Gitugutu 2017 saa 04:59
Yasomwe :
0 0

Mukwezi kwa Ruheshi guheze, mu gisagara ca Paris harabaye urubanza rwa Teodorin Obiang, umuhungu wa Perezida Obiang Nguema w’igihugu ca Guinée Equatorial. Urwo rubanza rukaba rujanye n’itunga ry’umurengera uwo muhungu w’umukuru w’igihugu yoba yaronse biciye mu kunyotora amatunga y’igihugu.

Ivyavuye muri urwo rubanza bikaza gushigwa ahabona kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 27 za Gitugutu. Muri urwo rubanza, ubushikiranganji bw’ubutungane bw’Ubufaransa busabira igihano c’umunyororo w’imyaka 3, amande agera ku miriyoni mirongo itatu y’amanyaburaya hamwe no gufata amatunga yiwe ari mu gisagara ca Paris. Teodorin Obiang akaba asanzwe ari icegera c’umukuru w’igihugu ariwe se wiwe Obiang Nguema.

Urwo rubanza rurindiranywe n’igishika ku ruhande rw’abadaharanira ivyicaro vya Politike muri ico gihugu ca Guinée Equatoriale, mu gihe rumaze imyaka igera kuri cumi rutararangira, amatunga amwamwe nk’imiduga izimvye, imigufu y’agaciro, n’ibindi vyinshi vy’agaciro vyaragurishijwe.

Kubw’abashingwamanza Daniel Lebègue na William Bourdon, bakaba banarongoye amashirahamwe Sherpa na Transparency ari nabo batanguje urwo rubanza, bamenyeshako ari intsinzi kubona hageze aho ubucamanza bugira ico bushikiriza ku rubanza rwa Obiang yagirizwa kunyotora amafaranga agera ku miriyoni 150 z’amanyaburaya.

Kubw’uwuburanira Teodorin Obiang, umushingwamanza Emmanuel Marsigny, urwo rubanza n’urw’inkina mico, kuko ruhagaze ku mvo za Politike.

«Bigenda gute urubanza rw’icaha cakorewe mu gihugu ca Guinée ko rwocirigwa mu gihugu c’Ubufaransa? Ukwo ni ukwivanga mu mabanga y’ikindi gihugu»

Uwo mushingwamanza Marsigny amenyesha ko ata butegetsi bwa Guinée canke aboba badaharanira ivyicaro vya polike muri Guinée boba baritwariye Obiang. Agira ati : "Ukwo ni ukutubahiriza ubwigenge bw’igihugu."


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha