Sierra Leone: Abarenga 200 bahitanywe n’umusozi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 Myandagaro 2017 saa 09:06
Yasomwe : 3762
0 0

Abantu barenga 200 nibo bapfuye bahitanywe n’ibihomoka vy’umusozi mu gihugu ca Sierra Leone mu gihe bari baryamye mw’ijoro buca ari kuwa mbere igenekerezo rya 14 Myandagaro 2017.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko vyabereye mu gace kitwa Regent hafi y’umurwa mukuru w’igihugu Free Town bivuye ku mvura nyinshi yaguye,igice c’umusozi gica uhenukira ku mazu mu gihe abantu bari basinziriye.

Icegera c’umukuru w’igihugu ca Sierre Leone Victor Bockarie Foh yavuze ko abapfuye bashobora kuba baharurirwa mu majana, kandi ko igitigiri gishobora kwiyongera.

Victor Bockarie Foh yavuze kw’ico kibanza caciye cugarwa kugira ngo abantu bashobore kwimugwa, abashobora gutabarwa nabo batabarwe.

Uretse abapfuye amazu menshi hamwe n’amatunga y’abanyagihugu vyononekaye kubera iyo mvura.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha