IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalia: Umugabo yishwe atewe amabuye

Somalia: Umugabo yishwe atewe amabuye

lundi 29 Rusama 2017

Ubicishije ku buhinga bwa none internet, umurwi wa Al-Shabab umenyesha ko uwo mugabo w’imyaka 44 yishwe yagirizwa icaha c’ubusambanyi yakoreye mu kirwati ca Ufurow hafi y’igisagara ca Baidowa.

Al-Shabab ivuga ko kw’ igenekerezo rya 20 Rusama,umwaka wa 2017 ariho uwo mugabo yakora ico caha,bakaba babimenye bivuye mu muryango w’umugore yakorewe ico caha.

Umucamaza wo mu mugwi w’abagwanyi ba Al-Shabab yavuze ko Dhaywo Mohamed Hassan yemeye icese ko yarenze ibigo kubagore babiri asanzwe afise. Al-Shabab imwamgiriza kandi ko yateye inda umugore atari umwe muri abo yubakanye.

Sheikh Abdirahman Sharif umwe mu bayobozi b’inyigisho z’idini rya ki Islamu avuga ko ubwo bwicanyi budakurikije amategeko kandi ko umurwi wa Al-Shabab ata burenganzira ufise bwo guhana abantu.

Umurwi wa Al-Shabab wari umaze gutanga ibihano vyo kwicishwa amabuye ku bandi bagirizwa ivyaha bitandukanye.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.