Somaliya: Abapolisi bane bapfuye bahitanywe n’igisasu

Yanditswe na MUGISHA Van
Kuya 24 Rusama 2017 saa 01:11
Yasomwe : 5958
0 0

Amakuru ava mu gihugu ca Somaliya, amenyesha ko abapolisi bane aribo bishwe abandi bane barakomereka mu gitero cabaye mu gstondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 24 Rusama,umwaka wa 2017 hafi y’urubibe igihugu ca Somaliya gihana na Kenya.

Ico gitero cabereye mu karere ka Liboi, abajejwe umutekano bakavuga ko imodoka yarimwo abapolisi bariko baragenzura umutekano yaciye ahatezwe igisasu giturika.

Abapolisi bakomeretse baciye bajanywa kuvurizwa mu gihugu ca Kenya, ku murwa mukuru i Nairobi.

Abicishije ku rubuga rwa twitter,icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya, William Ruto, yavuze ati: "Abaguye mu gitero ca Liboi mu ntara ya Garissa bari mu vyiyumviro vyanje. Birakwiye ko twubaka uruhome ku rubibe".

Ubutegetsi bwigihugu ca Kenya bwafashe iciyumviro co kwubaka uruhome ku rubibe igihugu ca Kenya gihana n’igihugu ca Somaliya, inyuma y’igitero cabereye kw’ishule kaminuza rya Garissa mu buseruko bushira uburaruko bw’igihugu ca Kenya, ahapfiriye abantu 147.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha