Somaliya : Abasirikare 59 ba AMISOM boba baguye mu gitero ca Al-Shabab

Yanditswe na Callixte Carpe NDIKUMANA
Kuya 2 avril 2018 saa 11:25
25515
0 0

Umuvugizi w’umuhari w’abarwanyi Al-Shabab amenyesha ko bishe abasirikare 59 bari mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya ,mu rwego rwa AMISOM, mu gihe ku ruhande rwabo hapfuye 14.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko izo gitero cabereye mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru Mogadiscio, aho abo barwanyi baturikije imodoka zibiri zirimwo ibibombe iruhande y’ikirindiro mu gisagara ca Bulamarer.

Urubuga ngurukanabumenyi rwa BBC, rumenyesha ko,abanyagihugu baba muri ako karere bavuze ko bumvise urwamo rw’amasasu, igihe iyo mirwi ibiri yariko irarasana, mu kiringo c’amasaha atatu.

Bivugwa ko, abasirikare ba AMISOM boba bitavye Imana, ari ahanini abava mu gihugu c’Ubuganda, kuko ico gitero cakozwe ku kirindiro c’abasirikare bava mu gihugu c’Ubuganda.

Ibitero vy’barwanyi ba Al-Shabab, bisubiriye kuboneka cane, inyuma yaho. Batakarije uturere twinshi bagenzura.


Kumenyekanisha

1
Abakundaimana.bosenugusengera.benéwacubabasomariya 5-04-2018 à 05:29

Andika hano.Dijonassosumo

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha