Somariya : Umukuru w’urwego rw’abahagarikizi b’umupira w’amaguru yishwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 18 août 2017 saa 04:50
Yasomwe : 5391
0 0

Umukuru w’umugwi w’urwego rw’igihugu rw’abahagarikizi w’umupira w’amaguru mu gihugu ca Somariya Osman Dirah yarishwe ku mugoroba wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 17 myandagaro 2017 ku mugwa mukuru Mogadiscio.

Osman Jama Dirah yishwe arashwe avuye mu musigiti aho ku murwa mukuru wa Somariya i Mogadiscio.

Abakoze ubwo bwicanyi nta muntu arashobora kubamenya ariko abari aho yarasiwe bamenyesha ko babonye abagabo 2 bitwaje inkoho ntoyi za pistolets ko aribo boba bamurashe.

Osman Jama Dirah yari mu bahagarikizi b’umupira w’amaguru bakomeye aho mu gihugu ca Somariya ,akaba ariwe yararongoye urwego rw’abahagarikizi w’umupira w’amaguru ku rwego rw’igihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha