Sudani : Umumenyeshamakuru wa « Al-Tayar » yarekuwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 25 Gitugutu 2017 saa 11:14
Yasomwe : 2439
0 0

Umumenyeshamakuru akaba n’umukuru w’uruganda rwo gutangaza amakuru w’ikinyamakuru cigenga « Al-Tayar » , Osman Mirghani, yaheruka gicirirwa umunyororo w’amezi 6, yarekuwe inyuma y’umusi umwe apfunzwe yagirizwa ko mu kinyamakuru arongoye banditse inkuru ivuga ku bijanye n’umuryango w’umukuru w’igihugu Omar El-Bashir ko urya ibiturire.

Osman Mirghani yari yabwiwe ko atanze ihadabu ingana ibihumbi 10 vy’amafaranga yaho muri Sudani angana n’amafaranga y’abanyaburaya 1260 yorekurwa, ariko we ku giti ciwe akaba yaranse gutanga ayo mafaranga, avuga ko biciye kubiri n’akarangamutima.

Amakuru ava mu gihugu ca Sudani amenyeshako Osman yarekuwe inyuma yaho sendika y’abamenyeshamakuru yo muri ico gihugu itangiye iyo hadabu.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe co mu mwaka wa 2017, bamenyesha ko igihugu ca Sudani kiri mu bihugu ata bwigenge bwo kumenyesha amakuru buriho.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha