Naho atari ubwa mbere izo mpande zibiri zishira umukono ku masezerano mu nyuma ntakurikizwe,abakwirikiranira hafi indyane zo mu gihugu ca Sudani y’Epfo bavuga ko ayo masezerano ari intambwe izotuma intambara zo muri ico gihugu zihera ,mu gihe haciye imyaka 4 hari intureka z’ingwano.
Bivugwako ayo masezerano yashiriweko umukono i Addis Abbeba ku mugwa mukuru w’igihugu ca Etiyopiya ,bizofasha kugira amashirahamwe mpuzamakungu ashobore gushikana imfashanyo ku basinzikajwe n’intambara .
Igihugu ca Sudani y’Epfo caronse intahe yo kwikukira mu mwaka wa 2011,inyuma y’imyaka 2 gica kija mu ntambara zadutse kukutumvikana hagati y’umukuru w’igihugu Salva Kiir n’icegera ciwe Riek Machar.
Mwomenya ko abantu baharurwa mu mariyoni aribo bivugwa ko bamaze guta izabo kuva izo ntambara zitanguye.
UBUKUNZI BWINDA BWA BANYAFRIKA NIBWO BUBAGEJEJE AHATEMBA