Sudani y’Epfo : Salva Kiir aragiriza Sudani ya ruguru gukwiragiza ibigwanisho i Juba

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 3 novembre 2017 saa 02:42
Yasomwe : 7353
0 0

Umukuru w’igihugu ca Sudani y’epfo aho yari mu rugendo rw’imisi itatu mu gihugu kibanyi ca Sudani kuva ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 1 munyonyo 2017, , yamenyesheje atarya umunwa ko Sudani ya Ruguru yama itanga ibigwanisho kugira umutekano wame uhungabana mu gihugu ca Sudani y’Epfo.

Mu gihe urwo rugendo rwa Salva Kiir rwari rwitezemwo ihumure hagati y’ivyo bihugu, ivyashikirijwe na Salva Kiir mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, vyatumye haba amakenga ku migenderanire y’ivyo bihugu .

Salva Akiir, yicaranye na mugenziwe Omar El Béchir, yavuze ati.« Reta ya Khartoum niyo itanga ibigwanisho mu gihugu ca Sudani y’epfo kugira twame mu ndyane zidahera » .

Umuhinga w’ivyo bihugu Jérôme Tubiana, amenyesha ko Salva Kiir yoba yafashe ingingo yo kwifatira mu gahanga Omar El Béshir mu ntumbero yo kurondera ubucuti mu makungu.
Reta Zunze Ubumwe za America zatezuriye Khartoum ku bihano vyari bimaze igihe kitari gito,ivyatumye Sudani y’epfo itakaza inguvu ku gihugu ca America.

Urwo rugendo rubaye urugendo rwa 3 kuva igihugu ca Sudani y’Epfo cikukira mu mwaka wa 2011.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha