IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’epfo : Igisagara ca Pagak cafashwe n’abasirikare ba Reta

Sudani y’epfo : Igisagara ca Pagak cafashwe n’abasirikare ba Reta

lundi 7 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Amakuru ava muri Sudani y’epfo amenyesha ko abanyagihugu baharugwa mu bihumbi bahunze ako karere, aho n’abakora mu mashirahamwe ajejwe gutabara nabo nyene bavuye muri ako karere.

Bivugwa ko umugwi w’abagwanyi wa Riek Machar ugiye kugira ingaruka mbi, kuko watakaje igisagara ca Pagak, mu gihe umukuru wabo Riek Machar bivugwa ko ari mu gihugu ca Afirika y’epfo aho apfungiwe ic’amaso.

Mwomenya ko igihugu ca Sudani y’epfo cinjiye mu ndyane mu mwaka wa 2013, inyuma y’imyaka 2 kironse intahe yo kwikukira.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.