Sudani y’epfo:Umukuru w’igihugu Salva Kiir yongewe ikiringo co gutwara

Yanditswe na Bikorimana Vianney
Kuya 14 July 2018 saa 03:23
16245
0 0

Inama nshingamateka y’igihugu ca Sudani y’epfo yaremeje ingingo yo kwongera ikindi kiringo umukuru w’igihugu Sava Kiir gushika mu mwaka wa 2021 inyuma yaho ibikorwa vyo gutunganya amatora y’umukuru w’igihugu uyu mwaka ataco vyavuyemwo.

Amakuru dukesha iradiyo BBC avuga ko ico gikorwa co kongera ikiringo uyo mukuru w’igihugu bishora gutuma ibiganiro vy’amahoro bimaze imisi bikorwa kugira intamabara ihere bishobora kunigirwa mu menshi.

Abatavugarumwe n’umukuru w’igihugu Salva Kiir bamwagiriza ko atwaza umukazo mu kutaha agaciro abanyagihugu ariko we kubwiwe arahakana ivyo yagirizwa.

Intambara yo gucanamwo hagati y’abanyagihugu ba Sudani y’Epfo yatanguye mu mwaka wa 2013 bitumwe no kutumvikana hagati ya Salva Kiir hamwe n’uwari icegera ciwe w’ico gihe Heriech Machar yashaka kuzamusubirira mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Salva Kiir yatanguye gutwara Sudani y’epfo kuva mu mwaka wa 2011 ico gihugu kironse intahe yo kwikukira,amatora y’umukuru w’igihugu akaba amaze gusiba kuva mu mwaka wa 2015.


Kumenyekanisha

1
bizoza nicolas 14-07-2018 à 21:14

c

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha