IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Swaziland: Umwami Mswati III yarongoye umugore wa 14

Swaziland: Umwami Mswati III yarongoye umugore wa 14

lundi 25 Nyakanga 2017

Ikinyamakuru Maravi Post, camenyesheje ko umugore mushasha w’umwami Mswati III, ari umukobwa w’imyaka 19 yitwa Siphelele Mashwama, akaba ari umukobwa w’ubutunzi kama n’amasoko ntanganguvu Jabulile Mashwama.

Umuyobozi ajejwe imanza ku kirimba c’umwami , Hlangabeza Mdluli, yemeje ko Umwami Mswati III yarongoye umugore agira 14 kuwa Gatandatu igenekerezo rya 23 Nyakanga 2017.

Mu majambo yashikirije yavuze ati : “Umugore mushasha ari mu gisagara ca New York muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, aho umwami yitavye inama y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.’’

Yavuze ko umwami Mswati III yahisemwo uyu mugore mushasha mu gihe yitegura kwitaba iyo nama yabereye I New York.

Mu mico y’igihugu ca Swaziland ni ibisanzwe ko umwami arongora umugore mushasha uko umwaka uheze.
Se wa Mswati III umwami Sobhuza II yitavye Imana afise imyaka 82 n’abagore barenga 125.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.