Tanzaniya : Abantu 11 baguye mw’isanganya ry’indege

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 16 Munyonyo 2017 saa 09:52
Yasomwe : 13977
0 0

Abantu 11 nibo bitavye Imana kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 15 Munyonyo 2017 mu buraruko bw’igihugu ca Tanzaniya, indege barimwo ikaba yagize isanganya.

Ikigo kijejwe ibijanye n’indege citwa « Coastal Aviation » kibicishije ku rubuga ngurukanabumenyi cavuze giti : « Turababajwe no kwumva ko abantu 11 bapfuye mw’isanganya ry’indege mu buraruko bwa Tanzaniya »

"Coastal Aviation" ritunganya ibijanye n’ingendo mu karere ko mu buseruko bwa Afrika ryashikirije ko iyo ndege ariyo mu bwoko bwa "Cessna Caravan", yari itwaye abantu 10 hamwe n’umudereva wayo yagize isanganya igihe c’isaha zibiri z’agatondo bitumwe no kubura itumatumanako hagati y’uwatwara iyo ndege n’abakurikirana ivy’ingendo ku kibuga c’indege.

"Coastal Aviation" yashikirije ko umwidondoro wabo bantu bapfiriye muri ryo sanganya uzoshirwa ahabona imiryango yabo imaze kubimenyeshwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha