Tanzaniya:Abaporisi 6 bafashwe bagirizwa urupfu rw’umunyeshuri wo muri kaminuza

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 19 février 2018 saa 10:45
Yasomwe :
0 0

Abaporisi 6 nibo bafashwe i Dar Es Salaam muri Tanzaniya inyuma yo kwikekwa ko bafise uruhura mu rupfu rw’umunyeshure wo muri Kaminuza y’igihugu Akwilina AKWELINE yishwe mu gihe c’imyiyerekano y’umugambwe CHADEMA.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko, abandi baporisi 40 nabo nyene bariko barakorwako amatohoza ku bijanye n’urwo rupfu.

Ishirahamwe ry’abanyshure bo muri Kaminuza ryasavye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Mwigulu NCHEMBA gutanga imihoho kubera urwo rupfu.

Abdul Nondo arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure biga muri Kaminuza muri Tanzaniya yamenyesheje ko niyo uwo mushikiranganji atatanga imihoho umukuru w’igihugu akwiye guca amwirukana mu kazi ajejwe.

Abdul Nondo yavuze ati :’’Bivuye kuri urwo rupfu hamwe n’abandi bantu bamaze kuburirwa irengero, hari hageze ko Mwigulu afata ingingo yo gutanga imihoho’’.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe MAGUFULI yasavye abajejwe umutekano gukora amatohoza hamwe no gufata ingingo zose zishoboka ku bantu bagirwa n’urwo rupfu.

Reta y’igihugu ca Tanzaniya yamenyesheje ko izotanga ibizokenerwa vyose mu gushingura uwo munyeshure ariyo izobitanga.

Akwilina AKWELINE w’imyaka 22 yarashwe ari mu modoka mu mpera z’indwi iheze ariko igihe igiporisi cariko kigerageza gushiragiza abanyawanyi b’umugambwe CHADEMA bari mu myiyerekano.


Kumenyekanisha

1
ange 19-02-2018 à 13:41

ibya police ya Tanzania ninkibya Police ya Kenya na congo bose ningegerera

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha