IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tiniziya : Abantu 200 bafatiwe mu myiyerekano

Tiniziya : Abantu 200 bafatiwe mu myiyerekano

mercredi 10 janvier 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI, imyiyerekano yabereye mu bisagara bitandukanye vy’igihugu ca Tunisiya yatunganijwe bivuye kw’iduzwa ry’amatagisi, itunganywa ribi ry’ubutegetsi, no kuha hatakiri icizere ku batwara.

Abanyatiniziya bamenyesha ko ubushomeri busigaye burenza ibice 15%, bakaba bavyagiriza Reta ko yitayeho inda zabo gusa.

Abanya Tunis bakaba barindiriye inyishu z’ubutegetsi, aho bavuga ko kuva muri 2011, ubuzima bwazimvye kugera kuri 35%, ifaranga ry’igihugu rikaba ry’arataye agaciro, aho muri 2011 ifaranga ry’amanyaburaya ryavunjwa idenariyo 2, ubu rikaba rivunjwa idenariyo 3.

Kmar Bendana , umwigisha wa kahise muri kaminuza ya Manouba, avuga ko Tinisiya iri mu rukurikirane rw’ingorane zatanguye kera, akavuga ko abagiye ku butegetsi kuva muri 2011 atabushobozi bwo guhindura ibintu bafise.

Kmar Bendana avuga ati : « Abategetsi ntibabona aho igihugu kigeze.Ntibakora ukwo botegerejwe gukora.Kuva muri 2011, tumaze kuronka abatwara Reta bashika 8, abashikiranganji 290, ariko bose ntanakimwe baramarira Tiniziya.Bukebuke bagiye bariyonjorora, ubu tukaba turiko dusubira gutwarwa n’abayoboke ba Ben Ali.Bafise ivyiyumviro vyataye igihe. »

Mw’ijoro ryo kuwa kabiri, iyo myiyerekano yahitanye umuntu umwe mu gisagara ca Tebourda, abaporisi 12 bakaba barahakomerekeye, inyubakwa zitari nke zirononekara.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.