Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tiniziya : Abimukira 35 bapfuye mw’isanganya ry’ubwato
Tiniziya : Abimukira 35 bapfuye mw’isanganya ry’ubwato
lundi 4 juin 2018
Amakuru dukesha BBC, amenyesha ko abandi bimukira 67 bashoboye gutabarwa n’abajejwe gutabara mu kiyaga.
Igihugu ca Tiniziya gisigaye ariyo nzira nshasha abimukira bacamwo mu kuja i Buraya inyuma yaho hafatiwe ingingo zikomeye mu gihugu ca Libiya aho bahora baca bagakorerwa amabi atandukanye nko kugirwa abaja,gusinzikarizwa ubuzima hamwe no kwicwa.
Ivyo bishitse mu gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati Matteo Salvini yaheruka gushikiriza ari mu rugendo i Sicily mu Butariyano ko, ako gace kadakwiye kuba ihuriro ry’impunzi zija I Buraya.
Abanyagihugu bo mu gihugu ca Tiniziya hamwe n’abandi bo ku mugabane wa Afirika basanzwe bajabuka urubibe baciye muri Mediterane bakoresheje ubwato bushaje mu kuja kurondera ubuzi i Buraya.
BIKORIMANA Vianney