IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tiniziya : Abimukira 35 bapfuye mw’isanganya ry’ubwato

Tiniziya : Abimukira 35 bapfuye mw’isanganya ry’ubwato

lundi 4 juin 2018

Amakuru dukesha BBC, amenyesha ko abandi bimukira 67 bashoboye gutabarwa n’abajejwe gutabara mu kiyaga.

Igihugu ca Tiniziya gisigaye ariyo nzira nshasha abimukira bacamwo mu kuja i Buraya inyuma yaho hafatiwe ingingo zikomeye mu gihugu ca Libiya aho bahora baca bagakorerwa amabi atandukanye nko kugirwa abaja,gusinzikarizwa ubuzima hamwe no kwicwa.

Ivyo bishitse mu gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati Matteo Salvini yaheruka gushikiriza ari mu rugendo i Sicily mu Butariyano ko, ako gace kadakwiye kuba ihuriro ry’impunzi zija I Buraya.

Abanyagihugu bo mu gihugu ca Tiniziya hamwe n’abandi bo ku mugabane wa Afirika basanzwe bajabuka urubibe baciye muri Mediterane bakoresheje ubwato bushaje mu kuja kurondera ubuzi i Buraya.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.