Accueil > Amakuru > Muri Afrika > UA imenyesha ko itemera Yahya Jammeh nk’umukuru w’igihugu ca Gambia
UA imenyesha ko itemera Yahya Jammeh nk’umukuru w’igihugu ca Gambia
vendredi 20 Nzero 2017
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ritacemera Yahya Jammeh nk’umukuru w’igihugu ca Gambia,mbere ko mu nama yimirije iryo shirahamwe rizotumira Adama Barrow yatsinze amatora nk’umukuru w’igihugu mushasha.
Abicishije ku murongo wiwe wa Twitter, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Dr. Nkosazana Dlamini Zuma, yamenyesheje ko inama igira 28 y ;’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Yahya Jammeh atazoyitumirwamwo.
Bitegekanijwe ko iyo nama ariyo izotorerwamwo uwuzosubirira Dr.Dlamini Zuma mu kibanza c’umunyamabanga w’isirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.
Umukuru w’igihugu ca Gambia Adama Barrow yatowe kuba umukuru w’igihugu ca Gambia kw’igenekerezo rya 1 Kigarama 2016 atsinda n’amajwi 45.5% kuri 36.7% ya Yahya Jammeh yari umaze imyaka 22 ari ku butegetsi.
IGIHE
Messages
20 Nzero 2017, 20:30, par Firmin Aliance Mapoda
Nn Nkumutware Nk- Uwo, Akwiye Kuba Mpanuzwajambo Agomba Ko Ibara Ririnda Kurwa Amaraso Akarinda Guseseka Kandi Yararushijwe? Ntanisoni Yumva Ngaho Kumya Ingana Nkiyo Yari Amaze Ko, Ariko Agomba Arinde Kwikwegera Nka KADAFI , Narabe Yikubite Agashi Peee.
22 Nzero 2017, 15:55, par africa
ikiriho gusa nimwemerere cedeao iberiyo yoba union african kuko niyibishoboye iyo union african mukayikuraho kuko ntacimazd muri africa