Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UA imenyesha ko itemera Yahya Jammeh nk’umukuru w’igihugu ca Gambia - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > UA imenyesha ko itemera Yahya Jammeh nk’umukuru w’igihugu ca Gambia

UA imenyesha ko itemera Yahya Jammeh nk’umukuru w’igihugu ca Gambia

vendredi 20 Nzero 2017

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ritacemera Yahya Jammeh nk’umukuru w’igihugu ca Gambia,mbere ko mu nama yimirije iryo shirahamwe rizotumira Adama Barrow yatsinze amatora nk’umukuru w’igihugu mushasha.

Abicishije ku murongo wiwe wa Twitter, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Dr. Nkosazana Dlamini Zuma, yamenyesheje ko inama igira 28 y ;’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Yahya Jammeh atazoyitumirwamwo.

Bitegekanijwe ko iyo nama ariyo izotorerwamwo uwuzosubirira Dr.Dlamini Zuma mu kibanza c’umunyamabanga w’isirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Umukuru w’igihugu ca Gambia Adama Barrow yatowe kuba umukuru w’igihugu ca Gambia kw’igenekerezo rya 1 Kigarama 2016 atsinda n’amajwi 45.5% kuri 36.7% ya Yahya Jammeh yari umaze imyaka 22 ari ku butegetsi.


IGIHE

Messages

  • Nn Nkumutware Nk- Uwo, Akwiye Kuba Mpanuzwajambo Agomba Ko Ibara Ririnda Kurwa Amaraso Akarinda Guseseka Kandi Yararushijwe? Ntanisoni Yumva Ngaho Kumya Ingana Nkiyo Yari Amaze Ko, Ariko Agomba Arinde Kwikwegera Nka KADAFI , Narabe Yikubite Agashi Peee.

  • ikiriho gusa nimwemerere cedeao iberiyo yoba union african kuko niyibishoboye iyo union african mukayikuraho kuko ntacimazd muri africa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.