Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubuganda : Abatavugarumwe na Reta bashimye ingingo yo kwugara (...)
Ubuganda : Abatavugarumwe na Reta bashimye ingingo yo kwugara ibohero
vendredi 20 avril 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Ingingo yo kwugara iryo bohero yafashwe n’umukuru w’igiporisi mushasha aheruka kugenwa, Martin Okoth Ochola.
Ayo makuru ya BBC, avuga kandi ko, benshi mu bapfungiwe ku biro vy’igiporisi vya Nalufenya mu buseruko bw’igihugu, barengutse muri sentare vyabonetse ko bafise ibikomere.
Abarongoye amashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko hari ibibanza vyinshi bizwi canke bitazwi bipfungirwamwo abantu, hakabera ibikorwa vyo gukubagura abantu, bagasaba ko navyo vyokwugarwa.
MUGISHA Van Naris