IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Uganda:Bobi WINE yongeye gufatwa

Uganda:Bobi WINE yongeye gufatwa

Friday 31 August 2018, by vianney

Amakuru atangwa amenyeshako Bobi WINE yarafashe urugendo agiye kwivuriza mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika acahagarikwa igihe c’isaha imwe n’inusu z’ijoro aherekejwe n’abashingwamanza biwe ,umuryango wiwe hamwe n’abakunzi biwe.

Ayo makuru avuga ko Bobi WINE yabanje kwemererwa kwinjira ku kibuga c’indege ariko igihe indege yari kumutwara ihashitse yankiwe kuyinjiramwo inzego zijejwe umutekano zica ziramufata zimujana mu bitaro vyitwa Kiruddu.

Bivugwako Bobi WINE yasinzikaye bimwe bikomeye bivuye ku nkoni n’ayandi mabi yakorewe igihe yarafunzwe.
Bobi WINE yankiwe gusohoka igihugu mu gihe yaheruka kurekurwa vy’agateganyo na sentare nkuru ya Gulu.

Umuvugizi wa reta w’igihugu ca Uganda, Ofwono Opondo yavuze ko Bobi Wine azemererwa kuja kwivuza hanze y’igihugu abaganga ba reta bamusuzumye bakemeza nimba uburwayi bwiwe busaba ko aja hanze y’igihugu kwivurizayo.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.