Uganda : Insamirizi 23 zugawe zagirizwa guha ijambo abapfumu

Yanditswe na Oscar NDAYISHIMIYE
Kuya 28 Ntwarante 2018 saa 04:43
9045
0 0

Reta y’igihugu c’Ubuganda yahagaritse insamirizi 23 kubera zagirizwa guha ijambo abapfumu bamamaza ibijanye n’ugupfumura hamwe no kuraguza.

Urwego rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora muri ico gihugu c’Ubuganda rwagiriza izo nsamirizi ko ziha ijambo abapfumu biba amafaranga abantu mu kubahenda ko bashoboye gutora umuti w’ibibazo vyabo vyose bibagoye.

Reta y’igihugu c’Ubuganda yari yaragabishije izo nsamirizi mu kwezi guheze, ko mu gihe izo nsamirizi zizobandanya gusamiriza ibiganiro biha ijambo abo bapfumu, ko zizoca zugarwa.

Kubera ubwinshi bw’insamirizi ziri mu gihugu c’Ubuganda zishika ku 300, izo nsamirizi zihiganirwa gutanga inkuru iyariyo yose ibonetse.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha