IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika yipfuza ishirwaho (...)

Umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika yipfuza ishirwaho ry’isoko rusangi.

lundi 29 janvier 2018

Uwo mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika,Paul KAGAME,yarashimye kubona yaratowe yongera yizeza ko azokora akazi neza,ubu akaba agiye kurongora iryo shirahamwe mu kiringo c’umwaka .

Paul KAGAME yavuze ko, mu vyihutirwa gukorwa ari gushiraho isoko rihuza abanyafrika bose hamwe no guteza imbere igisata kijanye no gukoresha ubuhinga bwa none, kuko ata gihugu covyishoboza kidakoreye hamwe n’ibindi.

Ico uwo mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika yashimangiyeko n’intererano buri gihugu gitanga mu guteza imbere ibikorwa vy’iryo shirahamwe,ujanye n’ikori rishika ku bice 2 kw’ijana ritozwa ku bidandazwa bivuye hanze ririko riratangwa, rituma amafaranga atari make ubu ariko araboneka.

Paul KAGAME yijeje ko naho haciye igihe kirekire umugabane wa Afrika ufise ibibazo biwuhanze,kubitorera inyishu bitazofata umwaka umwe gusa, ariko uyu ko ariwo mwanya kugira bakoreshe amahirwe batakaje.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.