Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika yipfuza ishirwaho (...)
Umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika yipfuza ishirwaho ry’isoko rusangi.
lundi 29 janvier 2018
Uwo mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika,Paul KAGAME,yarashimye kubona yaratowe yongera yizeza ko azokora akazi neza,ubu akaba agiye kurongora iryo shirahamwe mu kiringo c’umwaka .
Paul KAGAME yavuze ko, mu vyihutirwa gukorwa ari gushiraho isoko rihuza abanyafrika bose hamwe no guteza imbere igisata kijanye no gukoresha ubuhinga bwa none, kuko ata gihugu covyishoboza kidakoreye hamwe n’ibindi.
Ico uwo mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika yashimangiyeko n’intererano buri gihugu gitanga mu guteza imbere ibikorwa vy’iryo shirahamwe,ujanye n’ikori rishika ku bice 2 kw’ijana ritozwa ku bidandazwa bivuye hanze ririko riratangwa, rituma amafaranga atari make ubu ariko araboneka.
Paul KAGAME yijeje ko naho haciye igihe kirekire umugabane wa Afrika ufise ibibazo biwuhanze,kubitorera inyishu bitazofata umwaka umwe gusa, ariko uyu ko ariwo mwanya kugira bakoreshe amahirwe batakaje.
BIKORIMANA Vianney
Messages
29 janvier 2018, 13:44, par Deogratias SINZINKAYO
Prezida Paul Kagame ariyemera birenze urugero pe ! Kwemeza Afrika ko ingorane zayo zose azozitorera umuti mu mwaka umwe gusa w’ikiringo ciwe co kurongora AU ! Afise ubushobozi bumeze bute ?
29 janvier 2018, 15:22, par Rudebuye
Haaa, ha, ha, ha !
30 janvier 2018, 06:34, par ko
Ni vyiza. Kagame azi kunyaruka wa mugani wa Nkurunziza.
31 janvier 2018, 10:25, par mihizi
ibikorwa azakora bizivugira ! tumuhe umwanya akore ! akunda abanyafrika ! kandi akunda afrika ! Imana izamushoboze !
31 janvier 2018, 11:51, par Joseph K
Umumenyesha makuru yagombye kugira ikinyabupfura mu kwandika Prezida, ntabwo arivyo. Icubahiro ciwe ntabwo agitakaza kuburyo umwita Paul Kagame