Umunyamabanga mukuru wa COMESA agiye guhagarika imirimo

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 juin 2018 saa 12:26
43245
0 0

Umunyamabanga mukuru w’akarere k’isoko rusangi hagati y’ibihugu vyo mu karere ka Afrika yo hagati n’iyo ubumanuko COMESA, amenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2018 atazosubira kurangura ayo mabanga. Sindiso Ngwenya avuga ko ahisemwo kutabananya ayo mabanga, bivuye ko inama y’abashikiranganji yigijwe inyuma incuro zitatu zose.

Mw’ikete yanditse, Sindiso Ngwenya amenyesha ko wewe yari yipfuza kubandanya ari umunyamabanga w’ishirahamwe COMESA, gushika inama y’abashikiranganji ibaye, ari naho yovugiye ko atazobandanya ari mu mabanga.

Muri iryo kete, Sindiso Ngwenya, avuga ko azotanga icegeranyo cerekana ibikorwa yakoze, ’itegurwa akagiha inama y’abashikiranganji b’ibihugu vya COMESA, aho azokwerekana ivyagenze neza mw’itegurwa ry’inama, yerekane kandi intambamyi hamwe n’icokorwa.

Sindiso Ngwenya avuga ko ryabaye iteka kuri we gukorera ibihugu bigize ishirahamwe ry’isoko rusangi hagati y’ibihugu vy ‘akarere ka Afrika y’Ubuseruko na Afrika y’Epfo.


Kumenyekanisha

1
Havyarimana Léonard 6-06-2018 à 16:22

Natange Imihoho Murundi Kuko Vyari Bimurushij.Kuko Gusiba Kw Inama 3 Kose Ntivyumvikana

2
eric 5-06-2018 à 18:27

urwanda rurihose !1 yarabibonye
is too bad

3
Ngabirano jean.marie 5-06-2018 à 12:26

Emwe ntibitangaje natange imihoho kuko vyari vyamunaniye kuko yaguma ahindagurika

4
amiri musa 5-06-2018 à 08:28

Birumvikana uko gutanga imihoho, kuko ntiwokorana nabakujuragiza baramwinyegezamwo nk’inda mumpuzu kunyungu zabo bwite bigatuma afata Ingingo kuvyomukoraho

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha