Umwavu w’ikizungu ugiye gutangura gutangwa kuva kuwa 19 Ruhuhuma

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 février 2018 saa 09:49
10650
0 0

Inyuma y’imyidogo imaze iminsi mu barimyi bavuga ko batararonka umwavu w’ikizungu, kandi hageze gutera ibiharage,umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi arabahumuriza ko mu minsi ya vuba bagiye kuronka uwo mwavu. Deo Guide RUREMA abasaba kwitegurira kuriha amafaranga akenewe kugira baronke uwo mwavu w’ikizungu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2018, Deo Guide RUREMA aramutswa ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, yamenyesheje ko mu ntara za Kayanza, Ngozi na Kirundo umwavu wamaze gushikayo, mu gihe mu ntara za Gitega, Karusi, Makamba, Rutana, na Cankuzo imiduga yajanye umwavu w’ikizungu iriko irapakururwa.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yavuze kandi ko,imiduga yinjiza uwo mwavu w’ikizungu uwukuye hanze iriko irakorerwa ibisabwa mu bijanye na duwane i Kobero, kugira izoce itera ijana uwo mwavu mu ntara zisigaye.

Muri iryo tangazo, umushikiranganji Deo Guide RUREMA amenyesha ko ari akaryo ko kurarikira abarimyi kugira barihe amafaranga asabwa kugira bazoronke umwavu kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2018 aho bitegekanijwe ko ico gikorwa kizotangura, akamenyesha kandi ko ingingo zafashwe kugira ico gikorwa kizogende neza.


Kumenyekanisha

1
Nyabenda Jean 18-02-2018 à 10:07

Nukuri Umwavu Utanz Twebw Abarimyi Vyodushimisha Kuko Igihe Cagiy Ok

2
Elvis Nduwimana 15-02-2018 à 20:50

Nukuri Yoboneka Vyoba Arivyiza Vyogabanya Imyidogo Mubarimyi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha