IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uwuserukira Uburundi muri Tanzaniya yahojeje imiryango y’abanyeshure 31 (...)

Uwuserukira Uburundi muri Tanzaniya yahojeje imiryango y’abanyeshure 31 baguye mw’isanganya

lundi 8 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Imodoka yo mu bwoko bwa "Bus" yarimwo abo banyeshure bo kw’ishure Lucky Vincent hamwe n’abigisha babo babiri yagize isanganya igeze i Arusha. Abo banyeshure bariko baja gukora ikibazo, n’uwariko arabunguruza akaba nawe yitavye Imana. Iyo modoka yatembagariye mu mwonga hafi y’igisagara ca Karatu.

Abaguye muri iryo sanganya ni abanyeshure 31, abigisha babiri, hamwe n’uwariko arabunguruza muri iyo modoka.

Ukubashingurana iteka vyabaye kuri uwu wa mbere, ahari abaserukira Reta hamwe n’abandi bategetsi batandukanye. Reta ya Tanzaniya ikaba ariyo yarishe amafaranga yose ajanye n’ico gikorwa, yaba kugura amasandugu canke kwunguruza abaje muri ayo maziko. Inkuka y’imisa y’ukubasabira ku Mana, hamwe n’ukubasezera irya nyuma vyabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru c’i Arusha.


NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.