IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zambia : Abarenga 60 baramaze gupfa bahitanywe na Korera

Zambia : Abarenga 60 baramaze gupfa bahitanywe na Korera

lundi 8 janvier 2018

Umukuru w’igihugu ca Zambiya,Edgard Lungu yamenyesheje ko inzego zose zijejwe umutekano harimwo n’igisirikare ko biriko birafashanya n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe n’abajejwe intwaro bose kugira bashobore kugwanya iyo ndwara ntibandanye yandukira abandi.

Amakuru ava mu baba aho i Lusaka avuga ko ibice bibangamiwe gusumba ibindi ari amakaritiye yitwa Kwakanyama hamwe na Chipata Compound.

Mu ntumbero yo guhangana n’iyo ngwara ya Cholera,Reta y’ico gihugu yarafashe ingingo yo kwugara amashure yose ,amazu yo kudandarizamwo eka no ku musi w’Imana uheze akaba ata shengero n’imwe yemerewe kwugurura.

Izindi ngingo zafashwe n’uko ata muntu n’umwe yemerewe gusubira gutembera igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba kugira abajejwe guhangana n’ico kiza bashobore gupompa imiti mu bice bitandukanye vy’umugwa mukuru.

Mwomenya ko hari haheze amezi 2 gusa iyo ngwara yihaye inkumbi aho i Lusaka aho abantu bashika 2.451 bafahswe n’ico kiza, muribo abashika 61 bahasiga ubuzima.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.