Zambia : Abashingamateka 48 bahagaritswe mu mabanga

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 14 juin 2017 saa 08:09
Yasomwe : 4077
0 0

Abashingamateka 48 bahagaritswe mu mirimo mu gihugu ca Zambiya bagirizwa ko banse kwitabira ijambo ry’umukuru w’igihugu Edgar Lungu yashikirije mu kwezi kwa gatatu 2017.

Igihe banka kwitabira ijambo ry’umukuru w’igihugu Edgar Lungu,abo bashingamateka bavuga ko batemera umukuru w’igihugu kuko atatsinze amatora yabaye muy mwaka uheze wa 2016, mu nzira zemewe n’amategeko.

Amakuru y’ikinyamakuru y’ikinyamakuru Lusaka Times amenyesha ko umukuru w’inama nshingamateka Patrick Matibini, yavuze ko kuba abo bashingamateka baranse kwitabira ijambo ry’umukuru w’igihugu ari inyifato mbi cane.

Ihagarikwa ry’abashingamateka rije rikurikira ihagarikwa n’ipfungwa ry’umukuru w’umugambwe UPND utavugarumwe na Reta,Hakainde Hichilema yagirizwa imigumuko.

Umugambwe UPDN ufise abashingamateka 58 mu nama nshingamateka y’igihugu ca Zambiya.

Ababuranira umukuru w’umugambwe UPDN Hakainde Hichilema bavuga ko uwo baburanira ata kindi azira atari imvo za politike.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha