Zambia: Umukuru w’igihugu yatangaje ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 6 Mukakaro 2017 saa 12:11
Yasomwe : 12393
0 0

Umukuru w’igihugu ca Zambiya Edgar Lungu yatangaje ko igihugu ciwe kiri mu bihe bidasanzwe inyuma yaho isoko nkuru y’ico gihugu iri ku murwa mukuru Lusaka ihiye ihitanywe n’umuriro.

Edgar Lungu yamenyesheje ko uwo muriro n’ibindi bikorwa bibi nk’ivyo vyibazwa ko vyakozwe n’ibigirankana, ari ibikorwa vyo kubangamira ubutunzi kugira igihugu ca Zambia ntigitwarwe neza.

Abatavuga rumwe na Reta ya Zambiya barahakana ivyavuzwe n’umukuru w’igihugu, bagasigura ko ari imvo zo gutuma umukuru w’igihugu abandanya gutwaza umukazo.

Isoko izwi kw’izina rya “City Market “ yahiye mu gatondo ko ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 4 Mukakaro 2017, ibidandazwa vyose bikaba vyarahiye biratokombera


Kumenyekanisha

1
Nahimana Floribert 6-07-2017 à 14:04

nukur birababaje .reta ya zambiya nirabe ifashe abanwagihug baburiye ibidandazwa mwisoko kugir ntibihebure .kand ibigire mububangutsi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha