Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zambiya : Abigeme biga muri kaminuza basabwe kuja aho basomera ibitabo (...)
Zambiya : Abigeme biga muri kaminuza basabwe kuja aho basomera ibitabo bambaye impuzu ndende
mercredi 9 mai 2018
Iyo kaminuza iri ku murwa mukuru w’igihugu ca Zambiya, Lusaka, yashize amatangazo ku mazu basomeramwo ibitabo, isaba abanyeshuri b’abakobwa kwambara bakikwiza.
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ico gihugu co mu karere ka Afrika y’ubumanuko kicubahiriza imico y’abakera.
Umumenyeshamakuru w’iradiyo y’abongereza BBC mu gihugu ca Zambiya, yavuze ko abanyeshuri bo muri Kaminuza bagerageza kwambara ibijanye n’imideli.
Amakuru ya BBC, avuga ko bamwe mu banyeshuri b’abakobwa bakiriye nabi iyo ngingo, abahungu bamwe nabo bayakira neza abandi bayakira nabi.
MUGISHA Van Naris
Messages
13 mai 2018, 01:57, par Nibigira Oscar Lucky
Emw Ahubwo Nin Mu Burundi Barakwiy Gutuza Abakobwa Bambar Impenereza Kuko Bariho.Mb Non Abkobw Bab Bashaka Ik ?