Zambiya : Hatangujwe umugambi wo gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 mars 2018 saa 11:05
Yasomwe :
0 0

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu ca Zambiya Edgar Lungu yiyamirije umugambi w’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi wipfuza kumukuza ku butegetsi.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Edgar Lungu yavuze ko afise icizere ko uwo mugambi ataco uzoshikako, avuga kandi ko biriko bikorwa n’abitwaye muri sentare baratsindwa, bipfuza guhagarikisha intsinzi yiwe yo mu matora aheruka.

Abayoboke b’umugambwe "United Party for National Development" wo muri Zambiya, bavuga ko umukuru w’igihugu afise inyifato mbi kandi ko yiziziwe n’ibiturire, ari naco gituma bashaka ko akurwako icizere.

Iradiyo y’abongereza BBC, ivuga ko vyitezwe ko uwo mugambi uzohirirwako mu ndwi iza, ukaba washikirijwe inama nshingamateka kuwa kane igenekerezo rya 22 Ntwarante 2018, uteweko umukono n’ica gatatu c’abashingamateka.

Kugira uwo mugambi wo gukurako icizere umukuru w’igihugu ca Zambiya wemezwe, hakenewe amajwi angana na bibiri vya gatatu mateka.


Kumenyekanisha

1
ntg ele 26-03-2018 à 18:09

abantuntu nkabo bifatira umukuru w’igihugu mugahanga bâ méritant pendaison none barashize ingani ngo umuntu wese ngo nabe umukuru w’igihugu nkuko avyiyumviriye.

2
Niyukuri mkombozi 24-03-2018 à 22:25

Ntiyihebure ahubwo nakomeze gusenga kuko nzi yuko imana imukunda hama ivyo navyo nitera bwoba

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha