Zambiya : Umukuru w’abatavuga rumwe na Reta yarekuwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 16 Myandagaro 2017 saa 05:11
Yasomwe : 3132
0 0

Umukuru w’abatavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Zambiya Haikainde Hichelema yarekuwe inyuma y’amezi arenga 3 afashwe yagirijwe guhungabanya umutekano w’umukuru w’igihugu ca Zambiya, Edagar Lungu.

Hichelema Haikanide arekuwe mu gihe yari yagirijwe ko yanse gutanga inzira igihe imiduga iherekeje umukuru w’igihugu Edgar Lungu iburijwe kurengana n’umuduga w’uwo yafashwe, umukuru w’igihugu ca Zambiya akaba yariko aja ku musi mukuru w’akaranga k’igihugu, mu burengero bw’ico gihugu.

Amakuru ava aho mu gihugu ca Zambiya amenyesha ko ishirahamwe Commonwealth riri mu bafashije kugira Haikainde Hichelema arekurwe.

JPEG - 121 ko
Hichelema Haikanide, umukuru w’abatavuga rumwe na Reta ya Zambia

Umunyamabanga mukuru wa Commonwealth, Patricia Scotland yari mu gihugu ca Zambiya mu ndwi iheze aho yashoboye kubonana n’umukuru w’igihugu Edgar Lungu na Haikainde Hichelema. Inyuma y’iyo mibonano, yamenyesheje ko Hichelema azorekugwa kubw’inyungu z’igihugu.

Haikainde Hichelema yari yapfunzwe mu kwezi kwa 4 uwu mwaka wa 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha