Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zambiya : Umuntu umwe yarakomeretse mw’isanganya ry’imodoka zari ziherekeje (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zambiya : Umuntu umwe yarakomeretse mw’isanganya ry’imodoka zari ziherekeje (...)

Zambiya : Umuntu umwe yarakomeretse mw’isanganya ry’imodoka zari ziherekeje Joseph Kabila

lundi 19 février 2018

Iryo sanganya ryabaye kur’uyu w’Imana mu gatondo mu gisagara ca Lusaka,aho uwariko atwara imodoka yagonganye n’imwe mu modoka zari ziherekeje umukuru w’igihugu Joseph Kabila yari mu rugendo muri Zambia, akaba ari nawe yakomeretse cane.

Ikinyamakuru Lusaka Times kivuga ko uretse uwo yariko atwara iyo modoka, hari n’uwundi muporisi acunga umutekano wo mw’ibarabara ryakomeretse, atari cane.

Ayo makuru nyene amenyesha ko umukuru w’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo Joseph Kabila, wewe ataco yabaye.

Umuvugizi w’igiporisi ca Zambiya, Esther Katongo, yaremeje ayo makuru y’iyo mpanuka, akamenyesha ko batanguye gukora amatohoza kugira bamenye icatumye iryo sanganya.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.