Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Abatavuga rumwe na Robert Mugabe batanguje urunani (...)
Zimbabwe : Abatavuga rumwe na Robert Mugabe batanguje urunani rubahuza
jeudi 20 Ndamukiza 2017, par
Indongozi z’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Zimbabwe zatanguje urunani rugiye gutegura no kuja mu matora ategekanywa mu mwaka uza, mu ntumbero yo gukura ku butegetsi Robert Mugabe arongoye umugambwe Zanu-PF umaze igihe kirekire utwara.
Uwurongoye umugambwe Movement for Democratic Change (MDC), Morgan Tsvangirai, yasinye amasezerano n’uwahora ari icegera c’umukuru w’igihugu, Joice Mujuru, wo mu mugambwe National People’s Party (NPP).

Nk’uko tubikesha BBC, Tsvangirai yavuze ko ayo masezerano arayo gutunganya urunani rwo guhangana n’umukuru w’igihugu Robert Mugabe hamwe n’umugambwe wiwe Zanu-PF, uri ku butegetsi kuva igihe igihugu cikukira mu 1980.
Umupfasoni Mujuru yavuze ko MDC na NPP yateguye ayo masezerano ku kiringo c’amezi atandatu, ko ubu bagiye kwumvikana ku ngingo zimwe zimwe zokomeza urwo runani.
Ntibiramenyekana uwuzorongora urwo runani, ico kigashobora kuvamwo ikibazo gikomeye, naho iyindi migambwe igwanya ubutegetsi imaze kwemera ko Tsvangirai aba ariwe yitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije.
Ku rundi ruhande, Robert Mugabe w’imyaka 93, yavuze ko urwo runani rudashobora kumubuza gusinzira.
Zanu-PF yagenye kandi Mugabe, umukuru w’igihugu wa mbere akuze kw’isi, nk’umukandida wawo muri ayo matora.
Tubibutse ko umupfasoni w’umukru w’igihugu wa Zimbabwe, yavugiye mw’ikoraniro ry’umugambwe uri ku butegetsi ZANU-PF ko umugabo wiwe akunzwe cane ku buryo yotsinda amatora n’aho yoba ari mu kuzimu.
Umugore wa Robert Mugabe yavuze ko n’ubwo umunsi uri izina umugabo wiwe azoteba akitaba Imana, atacobuza ko izina ryiwe rikoreshejwe mu matora yoronka intsinzi ntasubirwamwo.
IGIHE