Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Emmerson Mnangagwa yarahiriye kurongora igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Emmerson Mnangagwa yarahiriye kurongora igihugu

Zimbabwe : Emmerson Mnangagwa yarahiriye kurongora igihugu

vendredi 24 novembre 2017

Emmerson Mnangagwa arahiriye amabanga y’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe inyuma y’aho Robert Mugabe atangiye imihoho inyuma y’imyaka 37 ari ku butegetsi.

Amakuru dukesha imboneshakure ZBC TV yo mu gihugu ca Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yarahiriye ku kibuga National Sport Stadium of Zimbabwe kiri ku murwa mukuru Harare, inyuma y’iminsi yo kuva mu buhungiro mu gihugu ca Afrika y’Epfo.

Mw’ijambo yashikirije Emmerson Mnangagwa agiye kuramutswa Zimbabwe,yemeye ko azokwubahiriza ibwirizwa nshingiro no gukingira agateka k’abanyazimbabwe imiriyoni 16.

Ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu mushasha wa Zimbabwe vyari vyitabwe na Phillip Nyusi ,umukuru w’igihugu ca Mozambique hamwe na Nickey Iyambo icegera c’umukuru w’igihugu ca Namibiya.

Uwo yahoze ari icegera ca Robert Mugabe, yari yakuwe mu mabanga, ari naco catumye umugambwe uri ku butegetsi Zanu-PF hamwe n’igisirikare basaba Robert Mugabe gutanga imihoho.

Ku ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta muri Zimbabwe, basaba Emmerson Mnangagwa agiye kurongora igihugu,kurandurana n’imizi umugenzo wo kurya igiturire wibonekeza muri ico gihugu ca Zimbabwe.

Bitegekanijwe ko Emmerson Mnangagwa atwara igihugu mu kiringo c’infatakibanza c’iminsi 90 , kugira hategurwe amatora.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.