Zimbabwe : Emmerson Mnangagwa asabira igihugu gushigikirwa n’amakungu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 23 novembre 2017 saa 08:48
Yasomwe : 9783
0 0

Emmerson Mnangagwa agiye kurongora igihugu ca Zimbabwe mu kiringo nfatakibanza amenyesha ko igihugu ca Zimbabwe cinjiye mu bihe bishasha vy’intwaro rusangi.

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 Munyonyo 2017 aho yari avuye mu gihugu ca Afrika y’Epfo, Emmerson Mnangagwa yavuze ko igihugu ca Zimbabwe gikeneye ubuzi no gushigikirwa n’amakungu.

Emmerson Mnangagwa yaimiye kandi abasirikare bamushigikiye , mu gihe uwahora ari umukuru w’igihugu Robert Mugabe yari yamwirukanye mu mabanga yo kuba icegera c’umukuru w’igihugu.

Uwo agiye kurongora igihugu ca Zimbabwe yashimiye kandi abasirikare kuba barashoboye gushira ibintu ku murongo mu mahoro ata maraso asesetse.

Vyitezwe ko Emmerson Mnangagwa arahirira kurongora igihugu kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 Munyonyo 2017.

Emmerson Mnangagwa yari yahungiye mu gihugu ca Afrika y’Epfo. Yabwiye abari baje kumutegera ko yari yahunze igihugu kuko ubuzima bwiwe bwari bubangamiwe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha