Home > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Hatunganijwe imyiyerekano isaba Robert Mugabe gutanga (...)
Zimbabwe : Hatunganijwe imyiyerekano isaba Robert Mugabe gutanga imihoho
Saturday 18 November 2017, by
Abantu bari mu bitavye iyo myiyerekano harimwo n’umunyamategeko azwi kw’izina rya Fadzayi Mahere biyamirije ivyakozwe n’umuryango w’ibihugu biherereye mu karere ka Afirika y’epfo(SADC) vyatumye habaho ibiganiro hagati y’igisirikare n’umukuru w’igihugu Robert Mugabe.

Inyuma y’ivyo biganiro igisirikare cavuze ko ivyavuye murivyo biganiro bigiye kumenyeshwavuba.
Christopher Mutsvangwa arongoye ishirahamwe ryabahoze bashigikiye Robert Mugabe yasavye abanyagihugu kwitaba iyo myiyerekano ari benshi.
Christopher Mutsvangwa yagize ati “Dushaka kwisubiza iteka kandi uyu musi niho dushobora kurangiza igikorwa igisirikare catanguye,nta gusubira inyuma ku bijanye na Mugabe ,ategerezwa kuvaho.”
Igisirikare caho muri Zimbabwe cashikirije ko gishigikiye iyo myiyerekano igihe cose izoba iriko iraba mu mutekano ata majambo arimwo yotuma haba urwanko canke ubugizi bwa nabi.
Ejo ku musi wa gatanu niho umukuru w’igihugu Robert Mugabe yagiye ahabona mu gihe yari yitavye ibirori vyo gutanga impamyabushobozi muri Kaminuza ya Open University iri ku mugwa mukuru Harare ,imyuma y’imisi 4 afungiwe icamaso mu rugo iwe .
Igihe umukuru w’igihugu yatanga izo mpamyabushobozi bivugwako umwe mubo yayihaye harimwo Constantine Chiwenga umugore w’umukuru w’ingabo yatanze itegeko ko Robert Mugabe afungigwa icamaso muhira iwe.
Tubibutseko ikibazo ca poritike caho muri Zimbabwe catabguye igihe umukuru w’igihugu Robert Mugabe yirukanye icegera ciwe Emmerson Mnanganwa, yahabwa amahirwe yo kumusubirira ariko vyabonetseko uko kwirukana icegera c’umukuru w’igihugu bisa no gushigikira umugore wiwe Grace Mugabe yagwanira gusubirira umugabo wiwe.





Bikorimana Vianney