Zimbabwe : Igiporisi catanguje amatohoza kuri Grace MUGABE

Yanditswe na Callixte Carpe NDIKUMANA
Kuya 26 mars 2018 saa 01:29
10785
0 0

Igiporisi mu gihugu ca Zimbabwe, kimenyesha ko catanguye amatohoza ku makuru gifise, ko Grace MUGABE umukenyezi wa Robert MUGABE yahora arongoye igihugu ca Zimbabwe ari mu bakora urudandazwa rw’amenyo y’inzovu mu kinyegero.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Grace Mugabe yagurishirije hanze bidaciye mu mategeko amenyo y’inzovu, ku mafaranga aharurwa mu mamiriyoni y’amadorari, mu Bushinwa, mu mihugu vy’abarabu no muri Amerika.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko,umuvugizi w’igiporisi ca Zimbabwe,yabwiye ikinyamakuru ca Zimbabwe Sunday Mail, ko amatohoza yatanguye kuri Grace MUGABE.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu muri Zimbabwe vyasavye uwurongoye ikirindiro c’ibikoko "National Parks agency" gutanga uruhusha ngo amenyo y’inzovu ashobore kuja kugurishirizwa mu Bushinwa.

Adrian Steirn, umufotozi w’ibikoko vyo mw’ishamba ava mu gihugu ca Australiya, yavuze ko yasanze hari umurwi ukorana na Grace MUGABE,amaze amezi akorera mu kinyegero muri Zimbabwe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha