Zimbabwe : Robert Mugabe yagiye ahabona

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 17 Munyonyo 2017 saa 03:49
47745
0 0

Mu gihugu ca Zimbabwe, ibintu birabandanya kuyoberana. Perezida Robert Mugabe yagiye ahabona ubwa mbere kuva ku munsi wa kabiri aho igisirikare casa n’igifashe ubutegetsi ku nguvu.

Umukuru w’igihugu Robert Mugabe yabonetse aho batanga impapuro z’umutsindo kuri Kaminuza imwe yo ku mugwa mukuru Harare, mu gihe vyari bizwi ko apfunzwe ic’amaso.

Kuri uwu wa gatanu, cabaye nk’igitangaro kinini mu gihugu ca Zimbabwe, aho umukuru w’igihugu yabonetse ku mugaragaro mu gatondo, aho yari yitavye ibirori vyo gutanga impamyabushobozi kuri Kaminuza "Zimbabwe Open" yo ku mugwa mukuru Harare. Yari yambaye umwambaro ujanye n’urwo rubanza rwo gutanga impamyabushobozi.

Urwo rugendo ruhabwa insiguro y’ukwo Perezida Robert Mugabe ashatse kwerekana ko akiri kizigenza w’igihugu ca Zimbabwe, aho akaba ari mu gihe ku ruhande rw’igisirikare, batigeze bemeza ko hariho ihirikwa ry’ubutegetsi, kakaba akaryo ko gushimangira ko batigeze baja kubiri n’ibwirizwa nshingiro ngo bahirike ubutegetsi.

Ivyo biri uko mu gihe havuzwe ko Perezida Mugabe yabonanye n’abatwara igisirikare hamwe n’intumwa 2 zarungitswe n’igihugu ca Afrika y’epfo hamwe n’umuhuza, akaba asanzwe ari umupatiri yiregesha Perezida Mugabe, bikavugwa ko igisirikare gisaba ko ubutegetsi bwohabwa Emmerson Munangagwa, uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, aheruka gukombogwa.

Iyo ngingo Perezida Mugabe agasa n’uwudashaka kuyumva. Haranuganugwa ko Mugabe n’uwahoze ari icegera ciwe boba bemeranije kubisikanya ariko ikiringo Mugabe yovira ku butegetsi kibaba kitarumvikanwako.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha