IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Umukuru w’igihugu Emerson Mnangagwa yashinze Reta

Zimbabwe : Umukuru w’igihugu Emerson Mnangagwa yashinze Reta

vendredi 1er décembre 2017

Reta nshasha ya Emmerson Mnangagwa ifise igikorwa gikomeye kijanye no kunagura ubutunzi bw’igihugu hamwe no kugwiza ubuzi.

Umukuru w’igihugu Emmerson Mnangagwa yagenye umusirikare Sibusiso Moyo yatangaje ku mboneshakure y’igihugu ko igisirikare arico kigenzura igihugu mw’ijoro ryo ku wa 14 rishira ku wa 15 munyonyo 2017, kuba umushikiranganji w’imigenderanire.

Abandi mu bagenywe n’umusirikare yatwara igisirikare co mu kirere,Perence Shiri yagenywe kuba umushikiranganji w’uburimyi naho uwatwara ishirahamwe ry’abahoze k’urugamba Chris Mutsvangwa agenwa kuba umushikiranganji wo kumenyesha amakuru.

Iradiyo y’Abongereza BBC imenyesha ko abashikiranganji benshi bahora muri Reta ya Robert Mugabe bagumanye ibibanza vy’abo .

Bivugwa ko abenshi mu bahoze k’urugamba nabo baronkejwe akazi kuko bagize uruhara rukomeye kugira Robert Mugabe ave k’ubutegetsi na cane cane mu gutunganya imyiyerekano.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.