Zimbabwe : Umunyamerikakazi yahagaritswe yagirizwa gutuka umukuru w’igihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 novembre 2017 saa 10:58
Yasomwe : 8991
0 0

Igipolisi ca Zimbabwe cafashe umukenyezi Martha O’Donovan, akorera ikigo gitangaza amasanamu atwenza, kimwagiriza ko yacishije kuri twitter amajambo atuka umukuru w’igihugu Robert MUGABE.

Martha O’Donovan yanditse tweet zibiri avuga ko igihugu ca Zimbabwe gitwarwa n’umugabo w’ ingunge kandi adakomeye neza,iyindi ikavuga ku gisizimwe.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC avuga ko Martha O’Donovan we ahakana ivyo yagirizwa.

Umukuru w ;igihugu Robert Mugabe yaheruka gushiraho umushikiranganji ajejwe gukurikirana ibica ku mirongo ngurukanabumenyi.

Abantu baharugwa mu bihumbi baheruka gupfungwa muri yi myaka ya vuba, hisunzwe itegeko ribuza kunegura umukuru w’igihugu ca Zimbabwe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha